Isekezeza ryo gusigurira abenegihugu ibijanye n’impinyanyuro ziri mw’itegeko rigenga amatora y’2020

Share

Kuri uyu wambere igenekerezo rya 29 mukakaro 2019, muri Commune ya Mutimbuzi, nyakubahwa Buramatari w’lntara ya Bujumbura yaramutse yugurura icese isekezeza ryo gusigurira abenegihugu bo mu ntara ya Bujumbura ibijanye n’impinyanyuro ziri mw’itegeko rigenga amatora y’2020. Ivyo bikorwa vyari vyatumiwemwo abarongoye ubuzi butandukanye mu ntara, Abarongoye Igisirikare n’Igipolisi, abarongoye Imigambwe yemewe n’amategeko, amashirahamwe yigenga ,Abarongoye ama Komine n’abahanuzi b’abo mu vy’ubuhinga n’indero n’abandi. Iryo sekeza rya riremeshejwe n’Intumwa z’Ubushikiranganji bw’Intwaro yo Hagati mu gihugu  zirongowe n’Umuyobozi Mukuru ajejwe Inyigisho zo Gukunda Igihugu.

Leave A Reply